16/02/2026
🚨 Donald Trump: asigura akamaro ko gukoresha ideni (dette) mu kugira ubutunzi
Mu gitabu ciwe The Art of the Comeback, Donald Trump aradondora inkuru yahinduye cane ubuzima bwiwe.
Mu myaka ya 1990, amashirahamwe ya Trump yari yarahomvye. Abantu bose baramuseka, yari abereyemo amahera amabanki n’abashoramari barenga 30, kandi ideni ryose ryari ringana na miliyoni 900 z’amadolari.
Umusi umwe, mu gihe yariko araca muri ivyo bigorane, yisanga ari wenyene mu biro vyiwe. Abakozi ntibahembwe, yari asigaranye n’umunyamabanga gusa kuko yariko ategura inama ikomeye n’amabanki yose. Avuye mu biro, n’umushoferi wiwe yari yamaze kugenda. Nuko afata ingingo yo kugenda n’amaguru kuva ku nyubakwa yiwe gushika aho inama yari ibereye.
Mu nzira, abona umusabirizi asaba idolari 1. Trump aca yiyumvira ati:
“Iyo uwo musabirizi aza kumenya, yoba azi ko arusha ubutunzi jewe n’amiliyoni 900 z’amadolari.”
Ageze aho inama yari ibereye, abakozi ba FBI bari bahari, amabanki yose arashavuye cane. Trump aca afata ingingo ikomeye cane mu buzima bwiwe.
Ababwira ati:
“Murazi ko ndi umudandaza akomeye. Ego ndi mu ngorane, ariko nta n’umwe ashobora guhakana ubushobozi bwanje. Nimba nja mw’ibohero, nzosohoka haciye imyaka 15 canke 20, kandi muzoba mutakaje amahera yanyu yose. Ariko nimba mumpaye ayandi mahera, ndabisezeranya ko nzobariha mu myaka 7 canke munsi yaho. None rero nimuhitemwo.” 😱
Haciye iminota 10, Donald yavuye muri iyo nyubakwa—aho yari yinjiye atukwa—aronse amiliyoni 50 z’amadolari y’inguzanyo yiyongereye. Mu myaka 5 yakurikiye, yari yamaze kwishura amadeni yose, kandi ishirahamwe ryiwe rirasubira gutera imbere cane.
Uyu musi, turavuga ku bubasha bw’ideni mu gushora imari. Abantu benshi batunzi bakoresha ideni mu bucuruzi. Hari n’abavuga ko 98% vy’abatunzi bakora ubucuruzi bakoresheje ideni.
Itegeko rya mbere: ntiwigera ushora amafaranga yawe bwite mu bucuruzi gusa.
Iyo bakubwiye kudafata inguzanyo canke ideni, akenshi ni ukukubwira kwica iterambere ry’ubucuruzi bwawe. Bill Gates ni umw