17/01/2026
Igice ca 2
Hari n'abandi kubera wavyibushe canke ukonda ugahinduka, Yaba wewe canke muhuye ata womenya uwundi. n'uwo bishobora kurangira mudasubiye kubonana, yamara n'ubu wosanga mwirirwa murabonana 🤣
Hari n'abandi ubu*ima bwanse, hamwe womubona amosozi😢😭 yogutanga hasi. imvunja zaramuriye, abana baramurwariyeko kwashi, yirirwa arabeba imbabura kw'ibarabara agahembwa ikinono😭
Hari n'abandi wibaza ngo muzobonana akubwira kw'afise umuryango munini, nawe ivyo kuva mubusore ata n'umugambi abifisemwo.
Hari n'abandi wibaza ngo muzosubira kubonana ari umu Mama yiyubashe, nawe yafash'inzira y'umu maraya aho aherereye agisibije.
Muvy'ukuri isi iduhisha ibintu vyinshi. naho n'Imana ibiduhisha. yaduhishije vyinshi igera n'aho iduhisha ico tuzoba tukiriho. Kubera benshi bari bafise ivyo bibonamwo ariko vyarangiye atariko bigenze.
Abo twarukanye, twabanye, twiganye, ntitwari tu*i ko hazogera igihe tubaho ibihushane n'ivyo twaziga ! ntitwari tu*i ko hazogera igihe tugasabagira, kugeza aho hahera imyaka 10,20 har'uwo twabanye muri bwa bu*ima tutazi iy'ari, ivy'arimwo, kw'akiriho canke yapfuye.
Hageze igihe rero tuba mu bu*ima nyezina, abandi barapfa, abandi barasara, abandi barakena, abandi baratunga, abandi baba abasuma, abandi baja mumahanga, abandi baba ibikomangoma, abandi baba...
Bagenzi, Mukambonera uwo twakuranye, twiganye, twakinaye ivy'abana, twaragiranye, muramubwira ko nkiriho, hama bishobotse muzombwire ah'aherereye, dusubire twunge ubumwe, kuko ubu*ima twasangiye bwatumye je nawe tuba umuryango, abavukanyi, incuti.
Buriya bu*ima bwari buryoshe n'aho hagera igihe bukadubinduka tugakubitwa ngo twonesheje, ngo ntitwavomye, ngo twononye imirima y'abandi,... Uwo twabubanyemwo akiriho Imana imwiteho, Abari mubihe bibi Imana ibatezurire, har'uwo twiganye mu w'indwi yarwaye mumutwe nimba akiriho Imana imukize.
Nawe ufise benshi mwabanye muri buriya bu*ima, GIRA AKAJAMBO UMWIPFURIJE!
MBEGA HARYA VYATANGUYE GUTE?