29/08/2026
*_Ijambo ry’Umukama, ku musi w’Umukama wa 22 wo mu mwaka A_*
*IGISOMWA CA MBERE*
_Ivyo dusoma mu gitabu c’umuhanuzi Yeremiya 20, 7-9_
*_(Ijambo ry’Umukama rituma bantuka bakantyekeza)_*
7 Ewe Mukama, warampendahenze nanje ndemera ndahendahendwa. Warandushije ubukomezi, utako urantsinda. Igihe cose baguma bantyekeza, bose barantwenga. 8 Nkako, aho novuze, mvuza induru. Ico menyesha, ni ububisha n’ukuyogera. Nanone, Ijambo ry’Umukama rituma bantuka bakantyekeza igihe cose. 9 Iyo mvuze nti: «Singisubira kumukubitizako agatima canke kuvuga kw’izina ryiwe», iryo jambo ryose rica riba nk’urubeya rwaka mu mutima wanje, rwugaraniye mu magufa yanje. Naragerageje kwiyumanganya, ariko sinabishobora.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
*IZABURI 63 2, 3-4, 5-6, 8-9*
_Icit. Umutima wanje urakwipfuza cane, Mukama, Mana mfise._
2 Ewe Mana, uri Imana yanje, ndakurondera bugica, umutima wanje urakunyotewe, umubiri wanje uraguhurumbira nk’isi yumvye, yagadutse, y’imburamazi. *_Icit._*
3 None narakubonye mu ngoro nyeranda, niho nihweza ubukomezi bwawe n’ubuninahazwa bwawe. 4 Nkako, ubuntu bwawe ni bwiza, bundutira ubuzima, umunwa wanje uzogushimagiza. *_Icit._*
5 Ni co gituma nzoguhezagira umwanya nkiriho, nzokiriza ibiganza nambaza izina ryawe. 6 Umutima wanje uzohozagara nk’umuntu yariye ibinure n’imisokoro, umunwa wanje uzoguhayagiza wuzuye akanyamuneza. *_Icit._*
8 Nkako, ni wewe untabara, nkishongora nikinze mu mababa yawe. 9 Umutima wanje ukwihambiriyeko, ukuryo kwawe ni kwo kunzigama. *_Icit._*
*IGISOMWA CA KABIRI*
_Ivyo dusoma mw’ikete umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma 12, 1-2_
*_(Nimuhereze imibiri yanyu nk’imbagwa nzima)_*
1 Benewacu, ndabahanuye ku bw’ikigongwe c’Imana ngo mwihereze mwebwe nyene bwa mbagwa nzima, nyeranda kandi ishika Imana ku nyota. Uko ni ko mwoba muyikoreye ku bw’umutima. 2 Kandi nimureke gufata imigenzo y’iyi si, ariko nimuhinduke mu kwama munagura ubwenge bwanyu, kugira ngo musobanure neza ishaka ry’Imana, iciza, igishimishije n’ikirangutse neza.
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```
*INKURU NZIZA*
*_Aleluya. Aleluya._*
_Umukama Imana nimurikire imishaha yacu, kugira ngo dutahure ukwizigira yaduhamagariye uko kungana._
*_Aleluya._*
_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo 16, 21-27_
*_(Uwushaka kunkurikira niyihebe)_*
*21 Kuva aho Petero amariye kuvuga ko Yezu ari Mesiya, Umwana w’Imana nzima, Yezu yaciye atangura guhishuka abigishwa biwe ko abwirizwa kuja i Yeruzalemu, akahababarira cane, abigiriwe n’abakurambere, abaherezankuka bakuru n’abanditsi, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka. 22 Petero rero aramwihereranya, aja mu vyo kumwamira avuga ati: «Ntirikabe, Mukama, ivyo ntibizokwigera bigushikira.» 23 Yezu arahindukira, abwira Petero ati: «Mva inyuma wa shetani we, uriko urantsitaza, kuko ivyiyumviro vyawe si ivy’Imana, ahubwo ni ivy’abantu.» 24 Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ati: «Uwushaka kunkurikira, niyihebe, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. 25 Nkako, uwushaka kurokora ubuzima bwiwe azobutakaza, ariko uwuzoheba ubuzima bwiwe kubera jewe azoburonka. 26 Mbega umuntu vyomumarira iki kwigarurira isi yose, aroshe ubuzima bwiwe? Canke umuntu yotanga iki ngo acungure ubuzima bwiwe? 27 Nkako, Umwana w’umuntu agiye kuza mu buninahazwa bwa Se akikijwe n’abamarayika biwe, aheze ahembere umuntu wese ibikorwa vyiwe.»*
```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```