BAZA

BAZA Burundi

🔴Intara ya Bugufi yatwawe nabo muri Tanzania 📌Mu mwaka w'1919, Abaganwa Ntarugera na Nduwumwe nibo babazwa igihugu mu gi...
01/02/2025

🔴Intara ya Bugufi yatwawe nabo muri Tanzania

📌Mu mwaka w'1919, Abaganwa Ntarugera na Nduwumwe nibo babazwa igihugu mu gihe umwami Mwambutsa 4 Bangiricenge yara akiri imfyufyu(umwana), aho haba amasezerano y'umugambi w'ibarabara ry'indarayi.

🤔Kimwe mu bibazo vyahabaye n'ubu abatari bake bibaza, n'ukuntu bivugwa ko igihugu c'Uburundi catakaje bumwe mu butaka cari gifise imbere y'umuzo w'Abakoloni.

📃Bivugwa ko Intara k**a ya Bugufi bivugwa ko hari mu Burundi ngo hoba hatanzwe ku masezerano yabaye hagati y'abakoloni babiri Orts(umubiligi) na Milner(umwongereza) yiswe "belbases" mu mugambi wo kwubaka ibarabara ry'indarayi ryahuza Cap (Afrika y'epfo) na Cairo(Egiputa). Ayo masezerano yavuga ko Uburundi butanga Ubugufi nabwo bukaronswa uburenganzira bwo kwakira ibidandazwa bibiri Dar es salaam. Hari mu mwaka w'1919, Uburundi buhagarariwe n'baganwa Ntarugera na Nduwumwe.

📍Umugambi w'iryo barabara ntiwabaye ugikunda naho Ubugufi bwaza bwatanzwe, uburenganzira Ku bivuko bibiri bwari bwahawe Uburundi, Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Julius Nyerere yaciye ahagarika ayo masezerano mu mwaka y'1963 kuko ngo yarahungabanya ubwigenge bw'igihugu ca Tanzaniya.

📍Mu mwaka w'1947, Umwami Mwambutsa 4 Bangiricenge amaze kwisumbura akagira ijambo, yarandikiyee amakete abiri ONU asaba ko iyo ntara yosubizwa k'Uburundi kuko ariho yahoze, kandi adatahura ukuntu abaganwa bari bamuhagarariye Ntarugera na Nduwumwe baretse ikosa nk'iryo rigakorwa. Umwami Mwambutsa kugeza ubu ntarishurwa.

🙆🏾‍♂️Iyo ntara ya Bugufi yaciye yiyunga n'izindi zitwa Bushubi na Bujiji zagiye ar'uko haciwe nabi imbibe z'Uburundi ku muzo w'Abakoloni zica zivyara intara yitwa KAGERA yegukira igihugu kibanyi ca Tanzaniya, bikavugwa ko n'Ubuha iri ahitwa Kigoma vyahoze k'Uburundi.

🔴Ico kibazo caragarutse mu nama iherutse yo kurabira hamwe amabi yakozwe mu gihe c'Ubukoloni.................................................................

🎯Nk'uko tubikura kuri Iris News Mur'iyo nama, Aloys Bantungwanayo umuhin

Iki kibazo nyakubahwa wacu aciteho igaruke nintara ingana hafi nu Burundi 👋turamusavye

🚨 AMAKURU AGEZWEHO 🚨 Gen. Bde.Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi arahakana ko ata basirikare b'uburundi bar...
16/01/2025

🚨 AMAKURU AGEZWEHO 🚨

Gen. Bde.Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi arahakana ko ata basirikare b'uburundi bariko barapfira muri kongo nkuko bimaze imisi bicanacanako ku mbuga ngurukana bumenyi................................................................

🎙️Mu kiganiro ahejeje gutanga kubamenyeshamakuru, Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'uburundi yemeza ko abasirikare bari muri kongo bahagaze neza cane mu butumwa barungitsemwo biciye mu migederanire myiza iri hagati ya Kongo n'uburundi.

Ikindi ngo abaguma bavugako hari abasirikare benshi bariko bapfira muri RD Congo ari abashaka gushikuza bakanakoresha ubuhinga bwa none mugukora amafoto yabo.

👨🏿‍✈️Gen. Bde Gaspard BARATUZA akavugako Uburundi no mu gihe bwaburira abasirikare benshi muri Somariya atabantu bashikuza nk'uku bari bahari ahubwo agahumuriza abarundi ko Leta y'itwararika ubuzima bw'abasirikare b'igihugu kuko naho yoba umwe apfuye biba bibabaje.
Gaspard Baratuza mu kiganiro ahejeje gushikiriza,Yemeza ko abariko bakwiragiza amafoto y'ingabo z'igihugu zapfiriye muri kongo ari ibinyoma gusa ahubwo bashaka gucafuza igihugu c'uburundi n'ingabo z'igihugu ngo zicike intege no guhahamura abarundi bibereye mu mahoro.

Ibi abishikirije inyuma yaho bimaze imisi bivurwa ko ingabo z'uburundi zirenga 200 zoba zarapfiriye mu mirwano ikomeye yazihuje n'umuhari m23 mu karere ka NGungu(Nord kivu) muri iyi ndwi itanguye.

IVYO ABAZUNGU BADASHAKA KO MUMENYA🫰 ❗🇧🇮❗ITARIKI 21/08/2024 ITWIBUTSA IMYAKA 116 IHEZE UMWAMI MWEZI IV GISABO ATANZE (Ary...
11/01/2025

IVYO ABAZUNGU BADASHAKA KO MUMENYA🫰 ❗🇧🇮❗

ITARIKI 21/08/2024 ITWIBUTSA IMYAKA 116 IHEZE UMWAMI MWEZI IV GISABO ATANZE (Aryamiye ukuboko kw'abagabo)
Aho hari kw'itariki 21/08/1908

Umwami MWEZI IV GISABO BIKATA BIJOGA (1830-1908) yavutse mu 1830 atanga mu 1908. Yimitswe kuba Umwami w'Uburundi mu 1852 atwara gushika mu 1908.
Yar'umuhungu w'umwami NTARE IV Rugamba.

INGWANO Y' MWEZI GISABO N'ABADAGI.

Mu mpera z'Ingoma yiwe mu 1896 niho abakoloni ba mbere b'Abadagi batera Uburundi, Umwami MWEZI akabagwanya bishimitse ari kumwe n'ingabo ziwe z'ABADASIGANA afashijwe na bamwe mu bahungu bakuru biwe ku Mwamikazi MUSANIWABO, aribo NTARUGERA (batazira Serushanya Ntarugerijanja) na RUGEMA (batazira Rugema Rugemintwaza). Abarundi bararwanije Abadagi n'ubutwari bwinshi cane, gushika naho haba ukwitangira igihugu vyerekanywe n'abarundi benshi baguye ku rugamba. Mur'abo Barundi b'intwari twovuga nk'uwitwa BIHOME, yitanze mu kibanza c'umwami MWEZI GISABO kugira akize Umwami n'INGOMA y'Uburundi.

Kuva ico gihe ngo umwami MWEZI yaciye amugira UMUTABAZI (Héros national).
Abadagi babonye ubwo butwari bw'abarundi n'ingene bigura igihugu cabo, biri muvyatumye abadagi bahagarika ingwano bagashima kugiranira amasezerano y'amahoro n'umwami MWEZI yo guhagarika iyo ngwano, vyerekana neza ko n'ingabo z'abadagi zariko .

y'Ikiganda yo mu 1903 yo guhagarika iyo ngwano, yaremeje ko Umwami MWEZI IV GISABO ariwe aramutswa Ingoma y'Uburundi ariko nawe akemera ko abadagi bagira ububasha mu ntwaro y'igihugu.

Ico gihe MWEZI IV GISABO yarahanganye n'abashaka kwiyonkora ku Ngoma yiwe, aribo yar'umukwe wiwe na yavuga ko nawe ar'umuhungu wa NTARE RUGAMBA ategerezwa kuronka intara y'Uburundi atwara.
Abadagi baremeje ubwigenge bwa MACONCO na KIRIMA mur'ayo masezerano ya 1903, batako babaha intara zabo bigenga, umwe bamuha Bukeye uwundi bamuha igice ca Muramvya. Ariko ntan'imyaka 2 yaheze, mu 1905 abadagi baciye basubiza izo ntara Umwami Mwezi IV Gisabo. Mur'abo bagwanya u

Address

Rwanda
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when BAZA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share