03/10/2026
UFISE UBWENGE UKABA UFISE NAHO URIKO URAJA ,soma witonze ivyo bintu vyanditswe.
CERTIFICAT.
- Harabo nahaye kuberako babikwiriye nabi bavyumva indani ko koko Bikwiye kuba uko.
- Harabo nahaye kubera ko Ari abana bato woha abandi bakavuga jewe nawe.
- Harabo nimye babikwiriye kugira ndabarere ndabe aho bageze.
- Harabo ntahaye banyemeje ko nari kubaha kwari ukwibesha kunini.
- Harabo ntahaye kugira ndabatere intege yo gukora caneee ,.
- harabo nasomye amazina inyuma kugira ndabe Reaction.....
Buri mwaka tuzotanga Award muri Ministry kumusi wa Celebration ya Aniv
1 Uwabaye actif cane mw’Ishengero:
Uwukora cane,yitanze mubikorwa atiziganya atidogera ibikorwa.
2uwashigikiye ibikorwa n’uburyo kuruta abandi mugihugu (uwo mw’Ishengero)
3 uwashigikiye kuruta abandi mubijanye n’uburyo (wo mûri Diaspora)
4 uwuri super actif wo muri Diaspora
5 uwashigikiye kuruta abandi n’uburyo (adasengera muri Sabaoth Church)
6 Best External Son of the year « umwana yarushije abandi asanzwe afise ministry yiwe.
7 Departement yakoze cane kuruta izindi.
8 Uwukurikirana cane kuri Sociaux Media akagira na partage nyinshi.
9 Umumenyesha makuru wo kuri Sociaux Media yashigikiye cane ibikorwa vy'Imana Dukora.....
Ibi ndabikora je nyene ,atamuntu n’umwe ngishije inama kiretse Imana Imbwiye uyu canke uyu kora iki canke iki kugira abe aratera intambwe.
Birashoboka ko hariho n’abandi boshimwa ico nzi ISHENGERO ryose ndongoye n’Ishengero ry'abakozi peeeeee,
Ibikurikira ni vyiza cane…..
Hariho n’ivyantangaje inyuma yo gutanga Certificat VYIZA BA BIBI.
Kubera ko nkurikiranwa na benshi harimwo n’abakozi b’Imaba mu myaka mike maze n’ivyo Imana Imbwira kenshi , CANE CANE IGIHE COSE NGOMBA GUTERA INTAMBWE NINI.
1 Nturyoherwe igihe washize abantu atari abana hafi yawe !!!! Hariho ukuntu umwana arabwa.
2 ube maso ntugire abantu benshi bakugirira impuhwe hafi yawe ahubwo ugire abantu benshi bazi Imana yaWe biteguye kubona ivyo Imana Yaguhaye Bishikira isi yose, abo bitanga badaharura ariko abakugirira impuhwe menya ko bazigirira kuruta uko bazikugurira.
3 umuntu wese abona ko ari wewe umukeneye cane mukure hafi yawe ( uzoba umufashije caneeee) kuko isi y’Impwemu s’uko ipanzwe Imana Ibana n’Abantu baYikeneye cane kuruta abibaza ko ari Imana Ibakeneye.
4 kora cane abantu babone Imana yawe kuruta amafranga yawe kuko baca batakaza ico bahamagariwe kirimwo umugisha mwinshi kuruta amahera ahera.
5 ntutinye cane uko abantu baza gufata ibintu nimba Igutahura ntunisigure cane kuko uba ugaragaza ko utazi neza ivyo urimwo wame wibuka ko Imana Yaguhamagaye uri umwe mucumba Ikazana Abakwiye n'Ubuntu buzako abashaka gutabarwa nabwo.
bamwe ivyo ukora badatahura niko kurerwa kwabo abandi nabo n’iryo shure ryabo kandi singombwa ko umuntu atora vyose ,
wibuke ko :
UGIFISE IMANA ISHOBORA KUKUZANIRA ABANTU N’IBINTU ,
UDAFISE IMANA ABANTU BOGUHA IBINTU ARIKO NTIBOGUHA IMANA.
Watahuye.