30/06/2026
Umwami wanyuma w'Uburundi, Ntare V Charles Ndizeye, na Lieutenant-Général Joseph Désiré Mobutu, Prezida wa Republika iharanira Demokarasi ya Congo.
Iyi foto yafashwe ku wa 27.11.1966, umusi umwe gusa imbere y'uko Ntare V atembagazwa n'Umushikirangoma wambere, Capitaine Michel Micombero, ku wa 28.11.1966.
Ntare V yari yavuye i Bujumbura ku wa 23.11.1966, agiye gufasha Mobutu guhimbaza umwaka yari amaze ku butegetsi. Imbere yo kwurira indege, Umwami yabanje gushira umukono kw'itegeko rishinga ko Umugambwe UPRONA uhindutse umugambwe umwe rudende wemewe mu Burundi. Yabaye ingingo yiwe yanyuma ariko ingingo ihambaye cane, kuko Uburundi bwayigendeyeko imyaka 26. Inyuma y'imisi itanu, umushikirangoma wiwe wambere, Capitaine Micombero, nawe yafashe iyindi ngingo ihambaye cane mu mateka y'Uburundi : gufuta intwaro ya cami no gutanguza Republika y'Uburundi. Iyi ngingo nayo irakwije imyaka 59 ariyo Uburundi bugenderako. Mu kiringo c'imisi itanu, bano bantu babiri bafashe ingingo zihambaye cane , kumbure batanabizi. Umwami Ntare V yari asigaje ukwezi kumwe ngo akwize imyaka 19 y'amavuka, Capitaine Micombero yari afise imyaka 26 !
Akija i Léopoldville, Ntare V ntiyamenye ko aguye mu mutego. Capitaine Micombero na Général Mobutu bari baherutse guhurira i Addis-Abeba muri Ethiopia. Vyari bikenewe ko Ntare V asamarira kure y'Uburundi, i Léopoldville (Kinshasa y'ubu) kugira abategura kumukura baronke akanya keza ko guheraheza umugambi wabo.
Mu nkuru y'ejo, tuzobaha uko yo ku wa 28.11.1966 yateguwe.
🔴 Musomyi, wari u*i ko uno musi Republika y'Uburundi ikwije imyaka 59 ibayeho ?