02/05/2025
: Uburundi n'igihugu gitangaje ivyaco bisiga ubwenge.
Igihugu nk'uburundi gifise abajenerari 80. Agahugu gato cane ko muri Africa yo hagati no muburengero gafise uburinganire kwadarato ibihumbi 27.834 , abanyagihu barenga gato imiriyoni 13. Kagaca kagira aba generale 80.
Ugereranije na Amerika ifise uburinga bwa kirometero kwadarato imiriyoni 24,71. abanyagihugu barenga gato imiriyoni 332 ariko ntirenza aba generali 16 gusa.
Ingorane Uburundi bufise ziva aha nyene vyerekana ko igihugu ataco bazi ntibazi nicarico bazi Inda zabo gusa , ukutumvikana kwabo, ugutegeka kwabo, ukwiganza kwabo, inguvu zabo nivyo bituboheye amaboko I mugongo.
Ni ryari bazumvikana bagashira igihugu ku murongo?
Vyagiye kubura ibisata vyose vy'igihugu abo bagenerali nibo babigabanganye.
Amashirahamwe yose ya Leta canke ayabigenga usanga ngo nibo bayatambikijemwo nibo bayatwara.
Inkino, Pharmacie, isukari , ibitoro, ibidandazwa, ubutare, ifumbire n'ukuvuga ahantu hose hava amafaranga hatwarwa n'umu generale, ugasanga ntanubumenyi namba yifitiye murivyo ntanivyo yigiye ntazi niyo bita umutwe nukwicara gusa akiganza kugira abe ariwe agenzura amafaranga yiryo shirahamwe aronke aho nawe ayagazura.
Ivyo gucungera umutekano w'igihugu ntavyo bakibazwa, ahubwo ivyubujenerali yabaye inzira yo kubashikana kwiba aho biri, babaye ibirira habiri.
Bamaze imyaka 20 biba uko bashaka atawubakoma, ariko gushika ubu vyarabataye kuwamazi basi ngo barabe bikubite agashi batangure kwubaka igihugu.
Imyaka 10 ntiyari ikwiye ngo babe bahejeje kwiba hama bibuke abanyagihugu nabo? Ariko intumbero niyo kukinunuza gushika bagisenyuye bagisige ari umusaka.