05/06/2026
đź”´MUGERE: Umunyamabanga wa CNDD-FDD muri Komine Mugere yaraye agendeye abagumyabanga bo muri Zone Kinindo.
Inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 4 Ruheshi 2026, Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri Komine Mugere, Gilbert Hakizimana, ari kumwe n’abandi basangiye amabanga yo kurongora uwo mugambwe, yaragendeye abanywanyi bo muri Zone Kinindo.
Mu majambo yashikirije, Gilbert Hakizimana yashimye intambwe umugambwe ugezeko muri iyo zone,
aca asaba abanywanyi gukomeza inzego z’umugambwe, cane cane mu gushiraho amanama nshingiro aho atarashirwaho.
Uwo munyamabanga kandi yasavye abanywanyi gutegura neza ibikorwa bijanye n’amatora yimirije, no kuzohunda amajwi umugambwe CNDD-FDD kugira ngo umukandida Général Major Evariste Ndayishimiye , yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD kugira awuserukire mu matora y’Umukuru w’Igihugu ategekanijwe mu mwaka wa 2027,azoyatsinde ku majwi menshi cane.
Yasozereye ahamagarira abagumyabanga kuguma bafatanye mu nda, gukomeza ibikorwa vy’umugambwe no gukorera hamwe kugira bashobore gudhika ku mahangiro yabo.