ETKia

ETKia C'est pour la musique, le sport et toute sorte d'épanouissement. Elle est apolitique.

BRB yiyamirije iyi ngeso.Nawe ahuri usabwa gushengeza uwubikoze.Ariko idorali ni Euro ubikoresheje ngira ntanakimwe...
10/10/2025

BRB yiyamirije iyi ngeso.
Nawe ahuri usabwa gushengeza uwubikoze.

Ariko idorali ni Euro ubikoresheje ngira ntanakimwe...

29/08/2025

Yamahera y'umukopo ni ukuyarihaa.
twari tuzi ngo Leta iradisohoye
Paeej-Burundi muduhe ayandi tuzoriha ayakwiye

🏆   🔥 Birangiye PORTUGAL utwaye igikombe ca Ligue des Nations ✅Muri za Penalty niho intsinzi ibonetse, kuri Penalty 5-3F...
08/06/2025

🏆 🔥 Birangiye PORTUGAL utwaye igikombe ca Ligue des Nations ✅

Muri za Penalty niho intsinzi ibonetse, kuri Penalty 5-3

FT : PORTUGAL 🇵🇹 2-2 🇪🇸 ESPAGNE

PEN : Portugal 🇵🇹 5-3 🇪🇸 Espagne

Alvaro Morata niwe ahushije Penalty, CR7 atwaye igikombe c'igihugu atsinze igitsindo muri final

🔥

Le jeune talentueux apprend au sage
08/06/2025

Le jeune talentueux apprend au sage


Futur sénateur
30/05/2025

Futur sénateur

IGENDA RYA ELON MUSK : "KO IYI NKUNDO ITARI GUSHIKANA KW'UBUGENI VYARI BIMAZE KUGARAGARA"Elon Musk yavuye mu mabanga yiw...
30/05/2025

IGENDA RYA ELON MUSK : "KO IYI NKUNDO ITARI GUSHIKANA KW'UBUGENI VYARI BIMAZE KUGARAGARA"

Elon Musk yavuye mu mabanga yiwe mu butegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika inyuma y’imisi 130, nk’uko vyari bitegekanijwe.
Uwo mugwizatunga yavuye muri Maison Blanche afise inzika, inyuma yo kunegura ingingo zimwe za Donald Trump. Umubano hagati y’abo bagabo babiri wari umaze igihe utagenda neza.

Inyuma y’akazi mu butegetsi

Elon Musk yari yarashinzwe igikorwa co kugabanya amafaranga akoreshwa nabi mu bushikiranganji no mu mashirahamwe ya reta. Yahavuye, nk’uko vyari vyitezwe, ariko adashimishijwe.
Mu kiganiro kizotangazwa ku musi wa mbere Ruheshi, yavuze ati:
"Narakubiswe n’inkuba kubona umushinge w’itegeko uriko wiyongera ku ngwati ya reta aho kuyigabanya, kandi wariko usambura akazi twariko turakora mu murwi wa Doge [Ubushikiranganji bw'Ugukora neza mu butegetsi]. (...) Itegeko rirashobora kuba rinini canke ryiza. Ariko sinzi ko rishobora kuba vyompi."

Ibi vyerekana ko umubano wa Donald Trump na Elon Musk wari waramaze kwononekara. Nk’uko vyashikirijwe na Anne Kraatz, umuhinga mu vy'imigenderanire ku kigo Quincy Institute i Washington, ku LCI:
"Ko iyi nkundo itari gushikana kw'ubugeni vyari bimaze kugaragara. Kubera ko abapfasoni babiri bafise kamere nk’izo, ntivyari gushoboka ko bamarana igihe."

Inzitane mu buzima bwa Musk hanze ya Reta

Ku rundi ruhande, Elon Musk afise n’ibibazo bikomeye mu mashirahamwe yiwe. Ku mugabane wa Buraya, imodoka za Tesla ntizigikundwa nk’uko vyahora, kubera imvugo ziwe zavugishije benshi, cane cane zijanye n’ishyaka ry’ukugabanya abimukira n’indyane ku butegetsi bw’i Buraya.

Kandi ntibigarukira aho. Ku wa kabiri, igenekerezo rya 27 Rusama, SpaceX, ishirahamwe ryiwe ryo kohereza ibintu mu kirere, ryaratakaje igisata c’ipfo y’ikirere, igihe urusaku rwayo rwa nyuma rwaturika mu kanya gato nyuma y’ihonyabwoko, ku ncuro ya gatatu ikurikirana.

Isoko: Le CLUB



Aya ma dili yahereye hehe ko naherutse bagira bagure ama Quartiers n'indege??Ndafise n'umugenzi yari yanyemereye akaduga...
25/05/2025

Aya ma dili yahereye hehe ko naherutse bagira bagure ama Quartiers n'indege??

Ndafise n'umugenzi yari yanyemereye akaduga.

🔥 Kylian Mbappé yarahiye ngo ntavyo  hose. Yatsinze ibitsindo bibiri Gusa murukino rwariko rubahuza na Real Sociedad maz...
24/05/2025

🔥 Kylian Mbappé yarahiye ngo ntavyo
hose. Yatsinze ibitsindo bibiri Gusa murukino rwariko rubahuza na Real Sociedad maze aca atahukana ca kirato c'inzahabu gihabwa umukinyi Wambere yatsinze ibitsindo vyinshi muri yamahiganwa atanu y'iburaya

16/05/2025

Kwiyamamaza ni sawa kweli!!!!
None nk'uwigenga akubwiye ko ni yaba umushingamateka azokubaka amabarabara n'amashureee.
😄😄😄😄😄

🚨🚨 Ivyaranze urukino hagati ya Real Madrid na Mallorca : Real Madrid yateye mw'izamu rya Mallorca amashuti yerekeza mw'i...
15/05/2025

🚨🚨 Ivyaranze urukino hagati ya Real Madrid na Mallorca :

Real Madrid yateye mw'izamu rya Mallorca amashuti yerekeza mw'izamu 13 maze hinjira 2 .

Mallorca yateye mw'izamu rya Real Madrid amashuti yerekeza mw'izamu 2 maze hinjira 1.

Real Madrid yateye amashuti aca inyuma y'izamu 14 mugihe Mallorca yateye amashuti aca inyuma y'izamu 2.

Real Madrid yateye ama cornes 26 mugihe Mallorca ata Corner nimwe bigeze baronka m'urukino rwose .

Real Madrid yagumanye umupira kubice 72% mugihe Mallorca yarifise kugamana umupira kubice 28%

Courtois yakoze saves 1 mugihe umunyezamu wa Mallorca yakoze Saves 10 yari yabaye ikibambazi nukuri.

Real Madrid yakoze amakosa 6 m'urukino rwose mugihe Mallorca yakoze amakosa 15

Real Madrid yaronse amakarata ubusa y'umuhondo mugihe Mallorca yaronse amakarata 3 y'umuhondo 🟨


Address

Gihosha
Bujumbura
PAS

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when ETKia posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to ETKia:

Share