07/03/2023
😲 Wari u*i ko urwaruka rufise hagati y’imyaka 5 na 29 ari rwo ruhitanwa cane n’amasanganya yo mw’ibarabara kw’isi yose ?
🚗 Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu World Health Organization (WHO) hamwe na Banque mondiale vyerekana ko “buri mwaka abantu barenga umuriyoni (1 350 000) bahitanwa n’amasanganya yo mw’ibarabara” 😒
📈 Muri abo, abakiri bato bafise hagati y’imyaka 5 na 29 ni bo ahanini bahitanwa n’ayo masanganya kuko bagera ku bice 50% 😔
🇧🇮 Mu Burundi, ibiharuro vyerekanwa n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo umutekano, igitigiri c’amasanganya yabaye kuva mu mwaka w’2016 gushika mu 2020 ni 21 253, abahasize ubu*ima ni 3 409 nayo abakomeretse bagera ku 16 524.
🚩 Mu ntumbero yo kugerageza kurandurana n’imizi ayo masanganya biciye mu mahimiriza n’inyigisho, ikigo BECA (Bureaux d’etudes, expertises et conseils en automobile) cashimye guhera mu ziri mu ruhongore.
🏫 Mu kubikora, ico kigo kiratunganya inyigisho kw’ishure lycée du Saint esprit biciye mu mugwi (club) kugira ngo abana bakurane inyifato ibereye mu vyo gukoresha amabarabara kuko ukwitwara nabi mu mabarabara ari kimwe mu bituma hagwira amasanganya 🙁
👩🏾🦱 Umwigeme Maeva Mariella Nzomukunda ari mu bakurikirana izo nyigisho avuga ko “kwigishwa inyifato ibereye mu gukoresha ibarabara ni ngirakamaro. Naho ata miduga turaronka, dutambuka mw’ibarabara, abandi abavyeyi babo babatwara mu miduga ntitwobura ico duterera mu kurwanya amasanganya”.
👍🏾 Pacifique Nsabimbona, umuhinga mu bijanye n'umutekano wo mw'ibarabara akaba anarongoye ikigo BECA, agira ati : “Ni vyiza ko abana bigishwa bakiri mu mashure mato mato uko bokwigenza neza mw’ibarabara, kugira ngo uko bakura bakurane ubwo bumenyi bwo gukoresha neza ibarabara”.
🤷🏽♂️ Uwo muhinga agasaba ko “icigwa co gukoresha neza ibarabara coshirwa mu mashure yose kuko umwuga wo kunguruza abantu, abakiri bato barawijukira. Iyo rero umwana avuye kw’ishure ataco azi na kimwe mu mategeko yo mw’ibarabara abikora uko avyumva, bigatuma amasanganya agwira”.