12/01/2024
🌐🟡⚫ Burkina Faso igiye kurungika abanyeshure hanze kwiga ubuhinga
Hari inkuru mutamenye zijanye n'iterambere Traoré ariko arashikanako igihugu n'ubwo igihugu kiriko kigwana n'aba terroristes.
Ubu rero Burkina Faso igiye kurungika hanze abanyeshure ba kaminuza kwiga ibijanye n'ubuhinga
🔴 None bazogaruka?
Ego bazogaruka kuko n'ubushinwa bwarakoze ibishoboka ngo aba ingénieurs bagiye kwiga hanze bagaruke. Umukozi wa Huawei ahembwa amafaranga aruta ay'umusikiranganji wa Leta. Kuri Sankara, nta muntu yagiye kwiga muri Cuba yagumyeyo
Kubera bafatwa neza.
Kuri iyo mvo, Burkina Faso izoza irarungika abanyeshure 100 bagiye kwiga ubuhinga. Muri AES hagiye kushirwaho imiriyaridi 150 zijanye n'ivyo bikorwa.
Burkina Faso igiye kuva mu masezerano yose ajanye n'inguvu za nucléaires ice irungika abana b'ibihugu muri Cuba Russia, North Korea kwiga. Mu myaka 10, Burkina Faso izoba ikora indege, missiles, imiduga, itunganya inzahabu mu gihugu. Ivyo mu kibitegura iriko irubaka kaminuza zitatu zifise ubushobozi mpuzamakungu.
❗❗ Ibi tubivuze ngo tubatumire ejo tuze duhirire ngaha nyene igihe c'isaha 12 z'igitondo. Hari umuti w'ubibazo vya Africa. Umuti urarura. Uriko ukorwa n'abanyafrica benshi ariko inkomoko ni muri Sahel. Ni gisomwa kirere, abazoba bakiryamye, muze mubanze muheze agatiro ka week-end hanyuma munywe akayi( nimba agasukari murafise), abafise aga sport( karakenewe) muze muze mubisome muhejeje, abagwaye amaso muze mushireko lunettes mu gusoma.
Mu kurindira, inkuru zacu zirabandanya
Murakoze