IJEM

IJEM "Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."

23/07/2023
Ntimwari bwavyumve, Canke mwari mwaravyibagiye?Nkuko twabibamenyesheje mumisi mike iheze, wa murwi w'   wishize hamwe mu...
23/07/2023

Ntimwari bwavyumve, Canke mwari mwaravyibagiye?

Nkuko twabibamenyesheje mumisi mike iheze, wa murwi w' wishize hamwe mukwiteza imbera no guteza imbere igihugu cacu ciza c' ugejeje kure wa mugambi wo kubashikiriza ubwogerezo bw'imiduga( moderne), tukabashingira intahe tubamenyesha ko umugambi ugeze ku bice 99%.

Abafise Imiduga, Amamoto n'ibindi vuba cane turabakoma ishwashwa musidukane n'iyonka tubogereze ingendeshwa zanyu neza cane hakoreshejwe ibikoresho bigezweho kandi kugiciro co hasi cane.

Ubwo bwogerezo bukaba buherereye neza neza kw'ibarabara riva kw'isoko ya uja aho bita kuri kuruhande rw'iburyo; Oya ntuzohayoberwa kuko hariho ikirango ca kandi muhamenyereye cane.





  Ibipfurije gusozera neza     no gutangura indwi mufise amagara meza kugira muje muyikoremwo imirimo myiza."Ivyiyumviro...
19/02/2023

Ibipfurije gusozera neza no gutangura indwi mufise amagara meza kugira muje muyikoremwo imirimo myiza.

"Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."





Bagize bati "Mwari bwabibone? Mwari bwavyumve? ubu ho ntikakiri agaseseshwarumuri".Nkuko ubushize twabibamenyesheje ko U...
18/02/2023

Bagize bati "Mwari bwabibone? Mwari bwavyumve? ubu ho ntikakiri agaseseshwarumuri".

Nkuko ubushize twabibamenyesheje ko Urwaruka rwo muri Cooperative rugiye gutunganya neza ikibanza rwarose ngo ruhakorere umugambi wo kwoza imiduga , ntibikiri agaseseshwarumuri kuko ibikorwa vyo kuhatunganya neza vyatanguye, bakavuga ko vuba cane bagiye no kuzana ivyuma kabuhariwe vyifashishwa mukazi ko kwoza imiduga. Murahawe ikaze mwese mumisi mikeyi cane.

Ngo sinawo mugambi wanyuma bakoze kuko uwo uri murukurikirane rw'imigambi bagiye kurangura, Bati "MURINDIRE MUBONE" igihugu cacu kirahimiriza urwaruka gukura amaboko mumpuzu bati rero natwe ako kamo ntikaduciye mugutwi ngo gafyukire mukundi, ivyo Reta itubwira turavyumva kandi turanabizirikana.

"Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."

Ufise ico ubaza canke wunganira ubuyobozi bwa wokwakura kuri +257 68 08 41 05 canke ukabandikira kuri Email : [email protected] .





N'uno musi ntirwatanzwe kwegeranira kuri ca kibanza ngo rukore ibikorwa vy'iterambere.Ni rwa rwaruka rwa Cooperative    ...
18/02/2023

N'uno musi ntirwatanzwe kwegeranira kuri ca kibanza ngo rukore ibikorwa vy'iterambere.

Ni rwa rwaruka rwa Cooperative rwishize hamwe ngo rwiteze imbere, biciye mukwironderera ibikorwa n'akazi, no ku musi wa none rwanse kurera amabako ruja kukivi kugira ngo narwo rwitabire akamo ka Nyakwubahwa Umukuru w'Igihugu kagira gati "TURI HAMWE VYOSE BIRASHOBOKA".

Narwo ruti "Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."

Ufise ico ubaza canke wunganira ubuyobozi bwa wokwakura kuri +257 68 08 41 05 canke ukabandikira kuri Email : [email protected] .





"Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."Nkuko babigenje ubushize kumusi wagatandatu, urwaruka rwiyemeje ...
11/02/2023

"Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."

Nkuko babigenje ubushize kumusi wagatandatu, urwaruka rwiyemeje kwiteza imbere rwa ntiruruha ruva kukivi.

Uno musi wagatandatu igenekerezo rya cumi na rimwe Ruhuhuma 2023 rwazindukiye mubikorwa rusangi kuzibura umugende w'amazi aherereye kukibanza bazoshiramwo ubwogerezo bw'imiduga.

Bakavuga ko ari vyiza kuri bo no kugisagara ca kuko aho hantu iyo imvura iguye ari nyinshi hahoze huzura amazi agata inzira rimwe na rimwe akonona n'ibihakikije, kandi ivyo vyose bigaterwa n'ikibanza categuriwe kubikwamwo amazi mugihe yabaye umurengera bityo akagabanya umuvuduko wo kwiruka agaca mumugende adatakaje inzira, ico kibanza rero akaba arico cari cabazinduye.

Ufise ico ubaza canke wunganira ubuyobozi bwa wokwakura kuri +257 68 08 41 05 canke ukabandikira kuri Email : [email protected]





Muntumbero yo kwubaka iyogerezo ry'imiduga(Car Wash) ry'akarorero mugisagara ca   bakoraniye kukibanza.Initiatives des J...
04/02/2023

Muntumbero yo kwubaka iyogerezo ry'imiduga(Car Wash) ry'akarorero mugisagara ca bakoraniye kukibanza.

Initiatives des Jeunes Entrepreneurs Multisectoriels(IJEM mumpfunyapfunyo) ni Koperative y'urwaruka rwiyemeje kwiteza imbere mukwironderera akazi rutarinze kuzera inze no kwirirwana impapuro zo gusaba akazi((documents) muyandi mashirahamwe yateye imbere, urwo rwaruka rukaba ruheruka kuroswa ingurane n'umugambi wa wo gushigikira urwaruka.

Inyuma yo kuronswa iyo ngurane rukaba rwatanguye ibikorwa, rukavuga ko rugira rushinge Car Wash nziza cane mugisagara ca NGAGARA 6, uyu musi rukaba rwatunganirije ibikorwa vyarwo kukibanza rugira rushirmwo iyo Car Wash rukaba rwari rwarondeye n'umuhinga arufasha mubijanye no kwiga uburyo bohakora n'amafaranga ivyo kuhatunganya(devis) vyotwara, urwo rwaruka rwahavuye rwiyemeje gutangura ico gikorwa atagusubira inyuma.

Ufise ico ubaza canke wunganira ubuyobozi bwa wokwakura kuri +257 68 08 41 05 canke ukabandikira kuri Email : [email protected] .

"Ivyiyumviro bishasha vy'urwaruka iterambere kuri bose."

Address

Aux Enceintes Du Centre Jeune Nyakabiga Premier Niveau
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IJEM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IJEM:

Share