08/05/2022
Bonsoir aba boss bacu..
Uyumusi tuza kurabira hamwe kahise kubworozi bwinkoko mukarere ka kumoso.
Aho hambere hahise ndetse no mumyaka ya vuba ubworozi bwinkoko bwari bugizwe ninkoko zikirundi zimwe tumenyereye zirekurwa zikirirwa ziretembereza nazo muri rusangi novuga ko nta musaruro ugaragara wigera uboneka aho iyo zigize ngo zirarwiriye agahwe iyo kaje kazitwarira rimwe.
Mumyaka ya vuba cane hari aborozi benshi bagerageje kugerageza ubworozi bwa kijambere kandi vyarakunze kuri bamwe ariko hariho intambamyi zimwe zimwe bagiye bahura nazo aho twovuga
1.kubura ibifungurwa bivanze kurugero rwiza bigatuma inkoko zabo zidatanga umusaruro mwiza.nivyo tuvuga ko bitari vyiza vyaragorana kuboneka aho vyarinda kuva i gitega cnke i Bujumbura bigatuma bishika bicerewe cnke bizimvye.
2. Kubura imiti yo kuvura inkoko zamaze kurwara bakarinda kuyituma i gitega hari naho yashika itevye inkoko yamaze gucikana ..
3. Kubura aho bagurira imiswi yaronkejwe incanco zose.aho abenshi bayigurira i gitega muga déplacement yayo ikanagorana .
4.kubura aho basaba impanuro mubijanye nubwo bworozi aho wasanga benshi babikora uko bavyiyumviriye mukuzigaburira ndetse no mubindi vyinshi ntibamenye ko inkoko ikeneye infungurwa zikwiye nukuvuga atari nkeya kandi atari nyinshi.
SJEAE ifadikanije nabarwiza Tunga bamwe bamwe baragerageje gukuraho izo ntambamyi mukubashikanira hagufi
a. Ibifungurwa vyinkoko bivanze kurugero rwiza Kandi vyizewe.
b.imiswi yinkoko yo mubwoko bwa kroiller yaronkejwe incanco
c.impanuro cnk inyigisho kuwo wese avyifuza akabisaba.
Abarwizatunga nabo badufasha kubegereza imiti yibitungwa aho nimiti yinkoko itari mike usanga ihari.aho twovuga nka pharmacie vétérinaire"bworozi bwiza" isanzwe iri kinyinya Centre kwibarabara ucudugira mwisoko yibifungurwa. Donc cote ya ruguru...
Ntako tutagira kugira ubworozi bwinkoko butere buja imbere. Vyose kubwanyu murahawe ikaze.