27/06/2026
Imbabazi, urukundo n'ubuntu bishobora guhindura umuntu n'imibano kurusha ibihano n'ukwanka abandi.
----------------------------------
Ego ni vyo cane. Mu gihe abenshi twama twiyumvira ko guhasha umuntu atari ku murongo ari vyo bishobora gutuma ahindura ingendo maze ikibano kikagenda neza, Umwanditsi w'igitabu "Les Misérables", aranyuranya n'uko bamwe twiyumvira.
Muri ico gitabu canditswe na Victor Hugo mu mwaka wa 1862 avuga ku buzima bw'abantu boro, ubutungane, imbabazi, urukundo n'ukuntu umuntu ashobora guhinduka akava mu bibi akaja mu bakora ivyiza.
Muri ico gitabu umwanditsi atwereka Jean Valjean, umugabo ahumuye yafunzwe imyaka 19 yose azira kwiba umukate kugira ngo afashe umuryango wiwe wari ushonje. Amaze kurekurwa, abantu benshi baramwanka bakamwinuba kubera kahise kiwe katari kameze neza.
Naho abandi batamwerekwa, Umupadiri yitwa Monseigneur Myriel we yaramwakiriye kandi aramugirira ubuntu. Ivyo rero vyatumye Jean Valjean afata ingingo yo guhindura ubuzima bwiwe no kuba umuntu w'intungane.
Mu nyuma, Jean Valjean yarafashije Fantine, umugore yari yari umukene cane. Fantine yari afise umukobwa yitwa Cosette, ariko uwo mwana yari abangamiwe n'abantu babi bitwa Les Thénardier, maze Jean Valjean aragenda aramukiza, aca amurera nk'umwana wiwe.
Hagati aho, umupolisi Javert yaguma akurikirana Jean Valjean kuko kubwiwe yumva ko umuntu yigeze gukora icaha adashobora guhinduka. Cosette amaze gukura, akundana n'umusore yitwa Marius Pontmercy. Ni uko, mu gihe c'imigumuko yabereye i Paris, Jean Valjean yaremeye ashira ubuzima bwiwe mu kaga kugira ngo akize Marius.
Ku mpera y'inkuru, Javert yaratsinzwe muvyo yahora yiyumvira kuko yabonye ko Jean Valjean yabaye umuntu mwiza kandi w'imbabazi. Kubera ko Javert atashoboye neza guhuza ivyo n'ivyo yemera ku mategeko, yaciye ahitamwo kwiyahura.
Jean Valjean nawe yahavuye yipfira neza, apfa mu mahoro amaze gukora ibikorwa vyinshi vyiza.
Inyigisho nyamukuru dukura muri iki gitabu ni izi:
• Kubabarira no guhinduka: Umuntu arashobora kuva mu bibi akaba mwiza. Ntimwame mubona abantu nabi nk'uko mwari mubazi kera.
• Ubutungane: Amategeko yonyene si yo yama atanga ubutungane.
• Ubukene ni bubi : Victor Hugo yerekana ingene ubukene bushobora gutuma abantu bababara.
• Urukundo: Urukundo n'impuhwe birashobora guhindura ubuzima bw'umuntu.
• Kwitanga: Jean Valjean yitangira abandi ubuzima bwiwe bwose.