07/02/2023
UDASOMYE #
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw' ikimenyetso, gush*tsa igihe c'iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand' ubgenge buzogwira.
Vyukuri ibikomeye bigiye gushika mwisi Imana yabivuzeko kera cane, ni iki gihe turimwo bigiye gusohokeramwo, igihe canyuma, Daniyeli yabwiwe kumatanisha ishashara ivyo yeretswe bizoba muriki gihe turimwo, ariko none ubwo ivyo Daniyeli yeretswe ko kubimenya kwacu vyari nkubutumwa bwikanguro, ubwo abari abo kubimenya! turabimenya? kubimenya kwacu biri inyuma yo kubirondera NGO tubimenye tumenye nivyo Imana yavuze kuri ibi twumva kandi tubona uyumusi bihaye biba kwisi yose. Imana iduhe kumenya ivyo yeretse Danieli imbere yuko Yesu aza mwisi ikongera ikabihishurira kuyindi ncuro Yohana ari mukizinga Patimo.
Kanguka Bantu mwizeye Yesu kuko araje! kanguka
Bavukanyi umuntu wese atunganye ivyo murugo rwiwe kuko igihe co kuva mwisi kirageze.
Kanguka Yesu araje.
Ibiriko biraza bikomeye Imana yarabivuze kutabimenya kwacu nukutabishirako Imitima yacu bizohava bidukwegera gushikwako navyo nkakatabonetse kandi Imana yabitubwiye kera cane igihe Daniyeli yavyerekwa. ivyo si ibindi ni ibizoba biriho imbere yinzamba, inyuma yayo, intambara ya 3 yisi yose, kugaragara kwa antikristo numuvugishwa wibinyoma, intambara arumagedoni, kuza kwa Yesu arikumwe nishengero rizoba ryajanywe igihe inzamba izoba yavugiye, Gutabagwa na Yesu kw'Abisirayeli. Ibibanziriza ivyo bihe vyose uyu musi biriho uko Bibiliya yabihanuye. None k***a urabe ko itara ryawe ririmwo amavuta kugira nturondere kuja kuyagura kubotike umukwe amaze gushika.
kanguka urereke ,ukore neza ,wihane neza, ubeho nkuwiteze inzamba, Kanguka Yesu araje.
Kanguka ,tunganya amatara yanyu igihe co kwumva inzamba twagish*tsemwo.
Yesu ushemagizwe ibihe vyose