25/08/2026
Umushikiranganji w'ikigega ca Leta Alain NDIKUMANA Agishika kw'isoko ya Kinindo yagize umubabaro n'agahinda
Isoko ya Kinindo yafashwe n'umuriro bivugwa wadukanye mu gace kadandarizwamwo ama matelas, umushikiraganji yari mu nama muri Donatus akimara kumva iyo nkuru ibishe yaciye ahagarika inama yarimwo atera agenda kuraba iyo sanganya.
Yamenyesheje ko ubwo nyene hatungujwe amatohoza yo kumenya ikiriko gituma haba amasanganya y'imiriro yiyadukiza mu bibanza bitandukanye mu gihugu.
Igipolisi gifadikanije n'igisirikare bakaba baciye baba magabo kugira ntihabe ubusuma, kugira wugurure ikibanza urokore ahatarashikiwa bagusaba kuzana ifunguruzo kugira b**aragaze ko vyukuri ico kibanza ari iciwawe.
Turihanganishije abo bose bamaze kubura ivyabo mwaya masanganya y'imiriro umwansi satani amaze iminsi ateza mu gihugu c'Uburundi