Ijisho Media Burundi

Ijisho Media Burundi Ijisho Media Burundi•
We show you what your eyes can't see

Don't forget to LIKE and FOLLOW

Umushikiranganji w'ikigega ca Leta Alain NDIKUMANA Agishika kw'isoko ya Kinindo yagize umubabaro n'agahinda Isoko ya Kin...
25/08/2026

Umushikiranganji w'ikigega ca Leta Alain NDIKUMANA Agishika kw'isoko ya Kinindo yagize umubabaro n'agahinda

Isoko ya Kinindo yafashwe n'umuriro bivugwa wadukanye mu gace kadandarizwamwo ama matelas, umushikiraganji yari mu nama muri Donatus akimara kumva iyo nkuru ibishe yaciye ahagarika inama yarimwo atera agenda kuraba iyo sanganya.

Yamenyesheje ko ubwo nyene hatungujwe amatohoza yo kumenya ikiriko gituma haba amasanganya y'imiriro yiyadukiza mu bibanza bitandukanye mu gihugu.

Igipolisi gifadikanije n'igisirikare bakaba baciye baba magabo kugira ntihabe ubusuma, kugira wugurure ikibanza urokore ahatarashikiwa bagusaba kuzana ifunguruzo kugira b**aragaze ko vyukuri ico kibanza ari iciwawe.

Turihanganishije abo bose bamaze kubura ivyabo mwaya masanganya y'imiriro umwansi satani amaze iminsi ateza mu gihugu c'Uburundi



  Inama, Babagore Haguruka Ukayangana Satani yahenze umugore ariko yabonetse nuwumumena umutwe  Inama idasanzwe(Conferen...
24/08/2026



Inama, Babagore Haguruka Ukayangana Satani yahenze umugore ariko yabonetse nuwumumena umutwe

Inama idasanzwe(Conference) Yaremeshejwe n'intuma y'Imana umwungere mukuru ahagarariye amasengero yose ya hamwe na kw'isi yose

Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Munyonyo 2026 mu nyubakwa za Donatus Conference Center aho hakoraniye aba Maman batandukanye aho bari mu nyigisho zidasanzwe aho intumwa y'Imana yigishije akamaro gakomeye ku mukenyezi mubice vy'igihugu bitandukanye mbere n'imbere y'Imana.

Yavuze ko Satani yaciye ku mugore akamuhenda akemera akarya ku camwa Imana yari yababujije kuzoryako mw'itongo rya Eden ariko Imana yaciye ibwira Satani ko uwo mugore ahenze ariho hazova uwuzomuhonyora umutwe haraciye imyaka itari mike haboneka Mariya Imana imucamwo imubwira ko azosama inda akavyara umwana akamwita bisigura umukiza azokiza isi ikinyoma umurwanizi yari yabivye habaye gutitura rya jwi rya Satani Eva yigera kumvira haca haboneka Mariya nawe yumvira ijwi ry'Imana.

Yasubiye avuga ko abagore ari abantu bakomeye rwose ariko bafise intege nke mu gufata ingingo ariko kandi bakomeye kuri communication (Guhanahana amakuru) baba bashaka kumenya ibintu vyose amakuru yose kubaza cane bo kumenya buri kintu cose.

Yarangije avuga ko aba Maman bo mu Burundi bafise amasezerano y'Imana akomeye cane bayasengere cane bayabere izamu Imana izoyash*tsa.

Tukabibutsa ko ku musi w'ejo naho nyene hari inama yabubakanye izobera kuri impande yo kuri Chanic igihe c'isaha 17h00-20h00'

Muratumiwe muze mwige kuko ijambo ry'Imana muri Hoseya 4:6"Ubwoko bwanje buranduwe no kutamenya n'uko ko ubuze ubwenge nanje nzoguta n'uruvyaro rwawe"

Dushimire intumwa y'Imana Dr Paul Gitwaza yitanze kugira ubwoko bw'Imana bwige bwongere bumenye.


PaulGirwaza

24/08/2026

Women Arise & Shine with on Donatus Hall

24/08/2026


Women Arise and Shine with

23/08/2026

Bavyeyi mukeneye ko abana banyu b**a amashure mu rurimi rw’icongereza, murahawe ikaze kwandikisha abana banyu, aho ishure riherereye i Buye muri commune Ngozi muntara ya Butanyerera hamwe no mu KABONDO Av. Des Hippopotames, Bujumbura, Burundi.
Ishure rizotangura mu kw’icenda, uyu mwaka nyene.

Hakenewe abanyeshure b**a mu mwaka 7, 8, 9.

Nkuru Academy Rizoba ari ishure rifise uburaro n'abo kwiga bataha barahawe ikaze.

📍Aho riherereye ni mu Ntara ya BUTANYERERA: Buye, Ngozi, Burundi.

Tel: +257 61177177
Mail: [email protected]
www.nkuruacademy.org

21/08/2026

Ibimazi vy'amaraso yamenetse niyo ateza ibibazo Africa

21/08/2026
21/08/2026

Imana haragezeko ish*tsa ibihe vyiza yasezeraniye Uburundi

21/08/2026

Impwemu mbi zose zihunge Imana yigaragaze mu Burundi by Apostle Dr Paul Gitwaza

Address

Rohero
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ijisho Media Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Ijisho Media Burundi:

Shortcuts

Share