01/06/2023
🔴 Saido Ntibazonkiza, Cedric Amissi na Frédéric Nsabiyumva bari mu rutonde rw'abakinyi umumenyereza mukuru w'Intamba Murugamba Étienne Ndayiragije atatumyeko. Naho Étienne Ndayiragije yasiguye ko atabatumyeko bivanye n'urukino bagiye gukina.
Mwibuke ko abo bakinyi batajanye n' Intamba mu Rugamba officiel muri Indonésie.
💬 Ama commentaires ndiko ndabona ni menshi cane bamwe bavuga ko Étienne yihenze cane abandi ko yakoze ikintu ciza cane.
Imbere yuko ngira ico nshikiriza nanje nuko nobanza kubibutsa yuko abatari bake mwasabiye ibihano abakinyi batagiye muri Indonésie ariko ubu bisa nkuko mumaze kuvyibagira.
➡ Ico rero kinyereka ko bamwe mubarundi twibagira ningoga nubwo umumenyereza atavuze ko atabatumyeko kubera ko basivye muri Indonésie.
➡ Nimba Etienne yanse kubatumako bivanye n'urukino agiye gukina abona ko abo yatumyeko babishoboye, aho ntawomuhaririza kuko umumenyereza wese yama afise uko abona ibintu. Ariko ufatiye kuri Performance za bamwe murabo yasize niho bigoreye gutahura.
Akarorero: Frédéric Nsabiyumva ntarukino na rumwe arasiba muri Vasteras kandi amaze iminsi awufasha urashobora no kuduga mucicaro ca mbere muri Suède. Fere rero yarakenewe kandi cane.
➡ Saido Ntibazonkiza nawe ari kurwanira agashimwe k'umukinyi yigejeje neza muri Tanzania kandi ari mubihe vyiza.
➡ Nimba Étienne Ndayiragije yanse kubatumako kubera ko bagararije kuja muri Indonésie aho ntampamvu nimwe yo kugaruka kuri Étienne Ndayiragije ngo yakoze amakosa kuko nta muntu numwe yoshigikira ibintu abo bakinyi bakoze kuko naba Leo Messi canke Cristiano Ronaldo nta munsi numwe bareka gukinira Igihugu ngo nuko umurwi bagiye guhura nawo udakomeye. Ahubwo numva ko Étienne Ndayiragije yatanze akarorero keza no kubandi basigaye yuko inyungu z'Igihugu zirengeye iz'umuntu umwe.
➡ Igikenewe rero nuko abo bakinyi nimba bahorwa kutitaba inkino z'Intamba Murugamba na Indonésie bosaba imbabazi Abarundi hamwe n'umumenyereza maze nawe abe flexible ibintu bigende neza.
Ismail KWIZ