New sport +257

New sport +257 Ngozi

🔴 Saido Ntibazonkiza, Cedric Amissi na Frédéric Nsabiyumva bari mu rutonde rw'abakinyi umumenyereza mukuru w'Intamba Mur...
01/06/2023

🔴 Saido Ntibazonkiza, Cedric Amissi na Frédéric Nsabiyumva bari mu rutonde rw'abakinyi umumenyereza mukuru w'Intamba Murugamba Étienne Ndayiragije atatumyeko. Naho Étienne Ndayiragije yasiguye ko atabatumyeko bivanye n'urukino bagiye gukina.

Mwibuke ko abo bakinyi batajanye n' Intamba mu Rugamba officiel muri Indonésie.

💬 Ama commentaires ndiko ndabona ni menshi cane bamwe bavuga ko Étienne yihenze cane abandi ko yakoze ikintu ciza cane.

Imbere yuko ngira ico nshikiriza nanje nuko nobanza kubibutsa yuko abatari bake mwasabiye ibihano abakinyi batagiye muri Indonésie ariko ubu bisa nkuko mumaze kuvyibagira.

➡ Ico rero kinyereka ko bamwe mubarundi twibagira ningoga nubwo umumenyereza atavuze ko atabatumyeko kubera ko basivye muri Indonésie.

➡ Nimba Etienne yanse kubatumako bivanye n'urukino agiye gukina abona ko abo yatumyeko babishoboye, aho ntawomuhaririza kuko umumenyereza wese yama afise uko abona ibintu. Ariko ufatiye kuri Performance za bamwe murabo yasize niho bigoreye gutahura.

Akarorero: Frédéric Nsabiyumva ntarukino na rumwe arasiba muri Vasteras kandi amaze iminsi awufasha urashobora no kuduga mucicaro ca mbere muri Suède. Fere rero yarakenewe kandi cane.

➡ Saido Ntibazonkiza nawe ari kurwanira agashimwe k'umukinyi yigejeje neza muri Tanzania kandi ari mubihe vyiza.

➡ Nimba Étienne Ndayiragije yanse kubatumako kubera ko bagararije kuja muri Indonésie aho ntampamvu nimwe yo kugaruka kuri Étienne Ndayiragije ngo yakoze amakosa kuko nta muntu numwe yoshigikira ibintu abo bakinyi bakoze kuko naba Leo Messi canke Cristiano Ronaldo nta munsi numwe bareka gukinira Igihugu ngo nuko umurwi bagiye guhura nawo udakomeye. Ahubwo numva ko Étienne Ndayiragije yatanze akarorero keza no kubandi basigaye yuko inyungu z'Igihugu zirengeye iz'umuntu umwe.

➡ Igikenewe rero nuko abo bakinyi nimba bahorwa kutitaba inkino z'Intamba Murugamba na Indonésie bosaba imbabazi Abarundi hamwe n'umumenyereza maze nawe abe flexible ibintu bigende neza.

Ismail KWIZ

🔴Inyuma y'ingingo Musitanteri wa komine Butihinda yabuza umwigeme yitwa   kutongera kuba mur'iyo komine biturutse kukuba...
06/04/2023

🔴Inyuma y'ingingo Musitanteri wa komine Butihinda yabuza umwigeme yitwa kutongera kuba mur'iyo komine biturutse kukuba yariko yagirizwa kwiba abagabo b'abagore bo ku mutumba ,buramatari w'intara ya Muyinga ahejeje kuyihagarika.

Buramatari w'iyo ntara akaba amenyesha ko iyo ngingo ya musitanteri wa komine itakurikije amategeko, ari na co gituma ihejeje guhagarikwa.

Mukeshimana Aniella batazira Kirungo ntagitekeye utwiwe ava i Butihinda kuko Mw'itangazo rya Musitanteri ryavuga ko kuva kuva ejo ku wa gatanu igenekerezo rya 7 ndamukiza 2023 atazoba yemerewe kuhahonyoza ukuguru.

+257

 😭😭😭😭😭😭😭😭🔴😱Birinze bigera ku rwego rwo kwirukanwa muri   burya biba vyakomeye.Uyo nawe s'uwundi ni umwigeme azwi kwizina...
06/04/2023

😭😭😭😭😭😭😭😭
🔴😱Birinze bigera ku rwego rwo kwirukanwa muri burya biba vyakomeye.

Uyo nawe s'uwundi ni umwigeme azwi kwizina rya Mukeshimana Aniella batazira yirukanwe muri komine Butihinda muntara ya ku mvo y'ukwitwarirwa n'abagore bo ku mutumba kwa Musitanteri arongoye iyo ntara ko abatwarira abagabo.

Kuva ku musi w'ejo wa gatanu igenekerezo rya 7 ndamukiza 2023 nk'uko biri Mw'itangazo rya Musitanteri NDIKUMASABO Gilbert wa Butihinda,Uyu mwigeme Kirungo ntazoba yemerewe kuhahonyoza ukuguru.

🛑🚨 Araujo : " Vinicius yamaze urukino rwose abwira abakinyi bacu ibi na biriya. Akwiye kwibanda m'ugukina, akareka amaja...
06/04/2023

🛑🚨 Araujo : " Vinicius yamaze urukino rwose abwira abakinyi bacu ibi na biriya. Akwiye kwibanda m'ugukina, akareka amajambo."

Yirukanwe mu mugwi wiwe yagirizwa amangetengete kuri mugenziwe ! 😱🙆🏾‍♂️ Umunyezamu wa kabiri wa Le Messager Ngozi, Alain...
10/10/2022

Yirukanwe mu mugwi wiwe yagirizwa amangetengete kuri mugenziwe ! 😱

🙆🏾‍♂️ Umunyezamu wa kabiri wa Le Messager Ngozi, Alain Ndikumana, ahejeje kwirukanwa n'umugwi yakinamwo, yagirizwa "kuba akoresha amangetengete ku munyezamu wa mbere wa Le Messager Ngozi, Onésime Rukundo".

☎️ Twarondeye Onésime Rukundo asanzwe ari n'umunyezamu w'umugwi nserukiragihugu, Intamba mu Rugamba.

💬📞 Yagize ati : "Ego ni vyo, Alain Ndikumana yirukanywe mu mugwi wa Le Messager Ngozi yagirizwa amangetengete.

🇷🇼 Vyantanguye igihe nari ngira nje gukina mu Rwanda. Ico gihe vyumvikana ko aca aba ari we afata ikibanza c'umunyezamu wa mbere. Ariko, ntivyakunze ko nja gukinira mu mahanga.

💪🏼 Ngarutse, sinaciye nkina, vyansaba ko nsubira kwimenyereza cane. Muri ico gihe niwe yakina. Mu nyuma narongeye ndasubira gukina. Ariko rero, ku rukino rwaduhushije na Kayanza United, naratsinzwe igitsindo kitumvikana kuri "coup franc". Urwo rukino rwarangiye dutsinzwe igitsindo kimwe ku busa. Ni uko amakenga aba aratanguye, iyaba kuri jewe, no kubo dukinana. Vyaravugwa ko Alain Ndikumana ashobora kuba akoresha amangetengete.

🔎 Niko guca hatangura amatohoza. Bahavuye bamenya ko avugana n'umupfumu ari muri Kenya. Kuri telefone ngendanwa yiwe, mu butumwa bugufi bandikirana, yamusaba ko twotsindwa inkino jewe natanguye.

👋 N'uko umugwi waciye uhitamwo kumutumako hamwe n'abakinyi, hama uramwirukana. Umusaba gusubiza ibintu vyose vy'umugwi wa Le Messager Ngozi".

⚽ Mwomenya ko Alain Ndikumana yirukanywe mu mugwi wa Le Messager Ngozi, yawugiyemwo avuye mugwi wa Aigle noir.

📲 Twagerageje kurondera Alain Ndikumana kuri telefone yiwe, twamukenye. Tuzobandanya tumurondera.

🛑🚨 : CASEMIRO yemeye gusinyira Manchester United amasezerano y'imyaka ineAbafana ba Real Madrid muri aka kanya: 👇🏾👇🏾
19/08/2022

🛑🚨 : CASEMIRO yemeye gusinyira Manchester United amasezerano y'imyaka ine

Abafana ba Real Madrid muri aka kanya: 👇🏾👇🏾

🛑🚨 Inkino za kivandimwe zaraye zibaye:➡️ Juventus 2-2 Fc BarcelonaKean ⚽                Dembele ⚽Kean⚽                 D...
27/07/2022

🛑🚨 Inkino za kivandimwe zaraye zibaye:

➡️ Juventus 2-2 Fc Barcelona
Kean ⚽ Dembele ⚽
Kean⚽ Dembele ⚽

➡️Real Madrid 2-2 Club America
Benzema ⚽
Eden Hazard ⚽

Officiel: vyamaze kurangira ivyumukinyi akomeye winyuma yahora akinira Fc Séville ubu akaba arumukinyi wa Fc Barcelona 1...
26/07/2022

Officiel: vyamaze kurangira ivyumukinyi akomeye winyuma yahora akinira Fc Séville ubu akaba arumukinyi wa Fc Barcelona 100%. Uwo nawe ni Jules Koundé umukinyi asanzwe akinira n'umugwi nserukiragihugu w'ubufaransa.

Barcelona iyi saison ije itavyorosha naho benshi bavuga ko atamahera ifise yo kugura abakinyi.
Nkabafana ba Fc Barcelona mwakiriye gute iyinkuru

🛑📸   !!! “ ” yasize ahabona ifoto yavugishije benshi  ari kumwe na  , aca yandika ano majambo:⚠️ “Wihangane kuri ibi vya...
26/07/2022

🛑📸 !!! “ ” yasize ahabona ifoto yavugishije benshi ari kumwe na , aca yandika ano majambo:

⚠️ “Wihangane kuri ibi vyabaye Toni, ndizera neza ko vyose bigenda neza. 💛
Ariko uzôgabé cane ku yindi ncuro twongera guhura” 🤫

📷 Ivyo harimwo n’ifoto, Araujo yabishikirijeje ku rubuga rwiwe rwa Facebook inyuma y’uko El_ Classico kandi ya kivandimwe y’ejo haheze yari irangiye habonetse uguhatana hagati yabo babiri

🤷 Araujo aragabisha Rudiger kuri Classico yo hanyuma.

🛑🚨Fc Barcelona muri iri dirisha ry'igura n'igurisha ry'abakinyi m'ukunobera abakinyi bose Chelsea ishatse gusinyisha :
26/07/2022

🛑🚨Fc Barcelona muri iri dirisha ry'igura n'igurisha ry'abakinyi m'ukunobera abakinyi bose Chelsea ishatse gusinyisha :

🛑🚨 : DONE DEAL! FC BARCELONA yasinyishije ROBERT LEWANDOWSKI 😍🔵🔴🔥🔥Bayern Munich yamaze kubwira FC Barcelona ko yemeye ub...
16/07/2022

🛑🚨 : DONE DEAL! FC BARCELONA yasinyishije ROBERT LEWANDOWSKI 😍🔵🔴🔥🔥

Bayern Munich yamaze kubwira FC Barcelona ko yemeye ubusabe bwayo kuri Robert Lewandowski

Imiriyoni 45€ guteranya imiriyoni 5€ zizova m'uturusho

PSG na Chelsea zaramurabira hafi ariko Lewandowski wēwe yashaka gusinya muri Fc Barcelona gusa. Nta wundi mugwi yashaka

Azokwerekanwa nk'umukinyi wayo vuba

Abafana ba Fc Barcelona mwakiriye gute gusinyisha umwe mu basatirizi beza kuri iyi si , Robert Lewandowski ??🤔

Nimuze mumwakire 🔵🔴🔥🔥

🛑🚨 Ndayishimiye Youssouf agiye gukinana n'umukinyi Mesut Özil 🔥🔥Mesut Özil nawe agiye gufashanya n'umukinyi w'umurundi Y...
13/07/2022

🛑🚨 Ndayishimiye Youssouf agiye gukinana n'umukinyi Mesut Özil 🔥🔥

Mesut Özil nawe agiye gufashanya n'umukinyi w'umurundi Youssouf Ndayishimiye muri Istanbul.

İstanbul Başakşehir yamaze gusinyisha Mesut Özil akaba agiye gukinana na nyange. Ibi we waribaza ko vyobaho ?

Isi irazunguruka 😁🇧🇮

Address

Ngozi
2004

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when New sport +257 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to New sport +257:

Share