03/21/2024
🔴 Ndayishimiye, akabare n'iperereza...
Ijambo Prezida Ndayishimiye aherutse kuvuga ku bijanye n'akabare ryanyibukije igikorwa yahoze akorera mu bubare mu gihe c'ibiganiro vy'ikiroberi ca CNDD-FDD na Leta y'ico gihe. Hari benshi batazi ko akabare ari ibiro bihambaye vy'iperereza. Nkuko nigeze kubemerera ko nzobigisha bumwe mu buhinga iperereza rikoresha, reka uno musi tuvuge ivyo iperereza rikorera mu bubare.
🔴 Ndayishimiye mu biganiro : umuhinga w'ukunywa inzoga ijoro ryose ntaborerwe !
Ntawuzi ko ari ubuhinga yize nuko ari impano yavukanye : Evariste Ndayishimiye azwi nk'umuntu ashoboye kunywa inzoga ijoro ryose, bukarinda buca avuga kandi adataye ubwenge. Mu gihe c'ibiganiro vya Leta na CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yarakoresheje rwose ubwo buhinga mu kwabura amakuru mu ntumwa za Leta.
Kimwe mu bintu abanyamahanga batangarira iyo hageze ibiganiro hagati y'abarundi bashamiranye ni ingene hageze umugoroba bose bahurira hamwe, mu bubare bumwe, bagasangira icupa, bakayaga nk'abagenzi ariko, bukeye bageze mu kibanza c'inama, bagasubira gushamirana nk'abansi. Mu bindi bihugu, ivyo ntibibaho : abansi ntaco basangira, mbere n'ukuramukanya biragorana ko bakorana mu minwe batarashira umukono ku masezeano y'amahoro. Abarundi bo barahura bakagwana mu nda, bagatwenga, bakanahana n'ubutumwa bashira Imiryango kandi bakiriko baragwana !
Mu gihe c'ibiganiro, Evariste Ndayishimiye yaricarana cane n'intumwa za Leta, bagasangira icupa, akabatera inkuru bikomeye. Ijoro rikuze, uko amasaha yaza ariterera niko abantu baza baragabanuka baja kuryama. Kubera we ataruha, yaguma ngaho, agasigarana n'abanyuma. Bamwe muri abo, bamaze kuborewa nibo baheza bakamubwira ivyo abagize "délégation" ya Leta batumvikanako, imikenyuro bafise, abategetsi bo hanze bamaze guhura n'ivyo babahanuye, ivyo ubutegetsi butinya, ivyo bwiteguriye kurekura n'ivyo budashobora kurekura. Abatanga ayo makuru baba baborewe, ariko Ndayishimiye we yaba ari ku kazi vyose akabifata ku mutwe. Bukeye mu gatondo, yava mu kabare aja kubwira bagenziwe bo muri CNDD-FDD imikenyuro yose ya Leta n'ingene baza kwipanga mu kuganira. Ivyo bintu vyarafashije rwose CNDD-FDD muri ico gihe.
🔴 Iperereza mu kabare
Akabare nico kibanza cambere iperereza rikoreramwo kw'isi hose. Hariho abakozi b'iperereza bajejwe kuja mu bubare kwumviriza ibivugwayo. Abo bantu barahabwa amafaranga yo gusorora no gusororera abo babona ko bokurako amakuru. Abakora ako kazi kenshi na kenshi ntibaba bazwi ko ari abakozi b'iperereza. Uzobasanga mu bantu badasiba umusi n'umwe mu kabare kandi bakama bafise amafaranga yo gusorora, iyo bikenewe bakanasororera abantu. Bamwe usanga bazi kuryosha ikiyago ku buryo biba vyoroshe kubizera. Nimba ari akabare kajamwo cane umurwi kanaka w'abarundi, ako kabare bakarungikamwo abakozi basa n'abo nyene bahanywera. Ahanywera cane abatutsi harungikwa ba mbangamatwi b'abatutsi, ahagwiriye abahutu harungikwayo ba mbangamatwi b'abahutu, ahagwariye aba CNL harungikwayo abiyita aba CNL atari vyo, gutyo gutyo.
Mu kabare havugirwayo amakuru menshi cane yerekeye ubuzima n'imiryango y'abantu. Hari abantu bakunze kwihenda bakibaza ko iperereza riba rikeneye amakuru ahambaye cane y'umutekano n'ibindi. Ariko akantu kose karashobora kuba inkuru ihambaye mw'iperereza. Kumenya incuti za naka, abigeme bagendana, amatungo yiwe, iyo anyegeza amafaranga, abagenzi biwe b'ibanga, utuntu nkutwo gusa turashobora gufasha iperereza gushika ku bintu bikomeye abatanga amakuru badashobora kwibaza. Ba mbangamatwi baguma bakira izo nkuru zose, bukeye bagatanga raporo, mw'iperereza nabo bakuzuza ibijanye na "fiche" y'umuntu baba bakurikirana. Aho niho biva hakaba abantu bafatwa mu buryo butangaje bagirizwa gukorana na kanaka, ntibamenye ko amakuru yabo yavuye mu kabare.
Akarorero gatoya nobaha hano ni imisore n'inkumi ikorana n'iperereza ry'Uburundi yarungitswe mu Bubiligi kurondera ubuhungiro. Bano batembera ububare bunyweramwo abarundi barondera inkuru zose zerekeye abantu ubutegetsi bwa Ndayishimiye burondera. Ikintu cose izo nderetsi zironse cerekeye abo bantu baracandika bakagitangako raporo.
🔴 Imitego yo mu kabare...
Akabare karakoreshwa cane iyo hari umuntu iperereza rishaka gufata canke kugandagura. Iyo umuntu azwi neza akabare akunda kugendera n'amasaha akunda gutahirako, iperereza riroroherwa hageze kumutega umutego, kenshi bamutegera atashe, bakaraba ikibanza acamwo kitaba kirimwo abantu benshi bazohava baba ivyabona. Iyo ari umuntu adakunda kuba mu kabare, haraho bamuteza umuntu amurondera cane, akitwa ko afise ijambo rikomeye ashaka ko bavugana, maze akamusaba aho bahurira mu kabare mu ntumbero yo gufasha iperereza ingene riza kumufata bavanye, canke bagafatirwa hamwe batashe, mu nyuma umwe akarekurwa, uwundi akaburwa irengero.
Akarorero nobaha hano ni inyuruzwa rya Eustache Miburo ku murwa mukuru wa Muyinga muri gitugutu 2021. Eustache yahamagawe n'icegera c'umukuru wa CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga, uwitwa Cyprien Havyarimana. Ntawuzi ico bavugana, baragenda basangira icupa mu kabare bita "Kwa Tatagara", hanyuma inyuma y'isaha zibiri z'ijoro Eustache arasezera arataha. Eustache ageze ahantu ku ruzitiro rurerure rw'ikigo c'ababikira yaciye anyuruzwa n'imbonerakure za Shabani Nimubona, harimwo n'abakorana na ca cegera c'umukuru wa CNDD-FDD mu ntara. Akabare k'uwo musi wari umutego. Hari uwundi yakoreshejwe kenshi mu bintu bimeze gutyo, umupolisi Hassan Nimubona batazira Love yagiye gusangira inzoga mu kirabo mu Kanyosha n'abanywanyi ba FNL bitwa Theogene Nsengiyumva, Ferdinand Mutareteka na Jean-Berchmans Ntakarutimana muri munyonyo 2018. Abakozi b'iperereza babasanze muri ako kabare, barabafata bose, ariko bukeye Hassan Nimubona yari yidegemvya mu gihe abo bandi batarasubira kuboneka. Akabare kabaye umutego Hassan yakoresheje kugira abafatishe.
Mubo iperereza rikoresha mu bubare harimwo abasanzwe babukoramwo : abadandaza, aba "serveurs", abotsa inyama, abanyezamu, abapolisi. Mu bihugu bikomeye hoho, abo bantu barahabwa utwuma dukomeye two gufata amajwi, bashobora gushira musi y'imeza abantu baba bariko barakoresha, muri "cendriers" n'ahandi. Mu gihe ca none, ubuhinga bwarateye imbere rwose ku bijanye no gufata amajwi ku bantu bicaye ahantu kanaka. Abo bakozi bashobora no gukoreshwa mu bijanye no gutanga ishano.
Akarorero twotanga hano ni nk'ingene urupfu rw'umushikiranganji Simoni Nyandwi rwagenze muri ntwarante 2005. Umushikiranganji yariye inyama mu kabare kisoneye cane i Bujumbura, inyuma gato aca aratangura gusha mu nda. Ash*tse kwa muganga, nta kanya yamaze aca aracikana. Ababikoze baranse ko hakorwa ibipimo (autopsie) ku cishe Simon Nyandwi. Nk'aho birashoboka rwose ko hakoreshejwe umukozi wo mu kabare.
🔴 Agakuru gatwenza mu gihe ca Prezida Buyoya....
Mu gihe c'ubutegetsi bwa Prezida Buyoya, hari abantu bari baramenye kubona abakozi b'iperereza (ico gihe baryita Sûreté Nationale). Abampaye iyi nkuru bambwiye ivyigeze gushika mu Nyakabiga. Hari umuntu atari afise amafaranga akwiye yo gusorora aca yiga uburyo aza kunywa ku mafaranga ya Sûreté Nationale.
Muti yabikoze gute ? Uyu muntu yaraguze icupa rya mbere. Arimaze, aca yigira uwuborewe. Aca aratangura ngo "Buyoya, jewe Buyoya ga basha..." Aca akubita ingumu ku meza n'ishavu ryinshi. Bamwe bo muri Sûreté Nationale bakamwegera, bakamugurira icupa. Arimaze, asubira kwa kundi, aridoga, arishavuza ngo : "Buyoya, Buyoya, Buyoya...." Bakamwongera bibwira bati : uyu muntu arateba avuge ikintu. Uko wa muntu ahejeje icupa, akaza arigira kwa kundi nk'uwuborewe, akavuga izina rya Buyoya akaze. Harya anyoye irya nyuma, akumva arakwije, aca arahaguruka ngo "Buyoya, Buyoya ga basha, Buyoya ni umugabo !" Aca arigira. Ba mbangamatwi basigara bajumarariwe bari bazi ko bagira bayore amakuru buca batanga...
🔴 Kubera iki abarongoye iperereza bashize imitahe mu bubare ?
Naho Prezida Ndayishimiye avuga ngo akabare ni ikibanza co gutera inkuru no gutwenga gusa, izo nkuru murazitera mwiyubara. Burya avuga ivyo azi, muri izo nkuru yahakuye amabanga menshi cane. Muzohore mwibaza impamvu ikintu ca mbere Général Adolphe Nshimirimana yakoze kwabaye ugushinga ububare : Iwabo w'abantu, Iwabo w'abasigaye, kuri 144 mu Kabondo, ... Bumwe muri ubwo bubare bwahavuye bunamera nk'ibiro vy'iperereza.
Muzokwibaze kandi impamvu benshi mu bajenerali ba CNDD-FDD bafise ububare, na canecane iyo bari mu bisata birondera amakuru...
Mu myaka iheze, hakiri intwaro z'abasoda ba kera, intwazangabo zarakurikiranwa cane mu bubare zagenewe (mess des officiers), ibisongerezi bigahabwa ububare vyabwo (mess des sous-officiers), abasoda batobato bakagira ububare bwabo, gutyo bikoroha kubacunga no kumenya ivyo biyumvira... Muri iyo myaka intwazangabo yarashobora gusabwa gusigura iyo isigaye inywera mu gihe yaba itakiboneka muri mess... Yaca yikekwa ko hari imigambi itazwi irimwo. Intwazangabo zitanywa inzoga zaratinywa cane kubera atawamenya neza iryo zigona.
🔴 Koko akabare ntigakorerwamwo politike nkuko Ndayishimiye abivuga atebura ? Muriyubara bagenzi. ...
------------------
Musomyi, iyi nkuru hari ico ikwunguye ? Uripfuza izindi nkuru zijanye n'amayeri y'iperereza ?
------------------
Intahe y'uwuhejeje gusoma iyi nkuru :
"Birya bintu vy'i perereza uvuze ni ukuri. Umuntu wigeze kuvuga yitwa Nkoroka arafise akabare yamamwo imisi yose, akenshi agashikana na sacenda y'ijoro (3h du matin). Aragerageza akama akikujwe n'abantu benshi, iyo ataronse abo bazinanyi akusanya abahari bose akabagurira inzoga, hama bakaganira de tout et de rien. Ni akabare bita Kwa Ntiba muri ville.
Jewe umusi umwe yari wenyene aca ahamagara abantu bose bariko barakina billard, abagurira inzoga, arababwira utuntu twinshi. Nanje narimwo ariko, kubera ubwoba, niyitabishije telephone nca ndataha."